Bruce Breezy music entertainment

Cette page est réservée à la musique, les histoires des stars du monde entier et extrait de video

24/11/2023

KODE by Drama-T kandi by B-face
YouTube : Zimya zimya mwese ivyo bintu

24/11/2023

Hagize imisi umugwi M23 / RDF uriko urakora ibitero bigahitana ingabo za FARDC nyinsi. Kumusi wagatatu abasoda ba Congo barenga 150 barishwe, nk'uko twabibwiwe n'abari hafi y'igice kiriko kiberamwo imigwano Mweso na kilorirwe. Uyu musi naho drone y'igisoda ca Congo yahanuwe n'uwo muhari. Bivuga n'umukuru wawo Bertrand Bisimwa kurubuga rwa X. Ibi biruko aho mugihugu umengo ntaco bibabwiye, bibereye mumwiyamamazo y'amatora agité kuba muri uku kwezi kuza. Biraboneka ko M23/RDF yafatiye kurako kavuyo k'amatora maze ikaba iriko iratema itongora yegera umugwa mukuru wa Kivu, Goma.

Mwibaza ko bizoherera hehe?

24/11/2023

CONGO IRACARI MUNTOKI ZITATU. NI UKUVUGA KO CONGO IKIRI MURI BIMWE VY' 93 .

Photos from Bruce Breezy music entertainment's post 24/11/2023

IYI NKURU INKOZEKO😟😟
------------------------------------------
WA MUSORE W'IMYAKA 27 AREZE ABANA 40,HIYONGEREYEKO INZOYA 6

"Ubu mfise abana b'inzoya bashika kuri 6.Mutoya muribo amaze indwi zibiri avutse.Nkuko bigenda ku mubakenyezi niko nanje ndabigira ndatonda kuma vaccin kwa muganga,Izi nzoya ndaziha amata hama nkabaturisha umube ndangije ngaheka canke nkabaryamika"

Uwo ni w'imyaka 27 y'amavuko areze abana 40 mu ntara ya RUTANA.
Ubu hakaba haherutse kwiyongerako abana b'intano Inzoya 6.
Desire ati"2012 niho natanguye gufasha umwana wambere yava kw'ishure ashikira kuka restaurant kanje gatoya niho twibera.
Abo natanguye kurera umwe ageze kuri Kaminuza y'uburundi,Uwundi nawe arakora ahantu bamwizeye"

None abo bana bose abareresha ivyo akura hehe?
Ati"Ndarima cane,mbere nkubu mu mwaka uheze nari naronse umwimbu mwiza cane kuko nubu turacakoresha ibiharage n'ibigori nirimiye.
Iyo hagize umuntu agira ikigongwe akampa udufaranga nca ndadushira mu burimyi kugira ngo atange ibizodutunga igihe kinini.
Nk'ubu nararimye Imirima y'ibigori itari mike,Imana ndizeye ko izongirira neza tukaronka umwimbu"

Avugako arera abana b'impfuvyi,abavyawe n'Abakenyezi bagendana ubugwayi bwo mumutwe be n'abihakanwe n'abavyeyi.

Désiré aracari umusore,ariko agira ati"Nta mwigeme ndigera mbona antahura kuko abana banje bose banyita PAPA,botoya cane hari abanyita MAMA"
Abandanya avuga kurubu ivyo akenye ari Ibitanda n'ama matera baryamako.

Musomyi,nakahe kajambo wovuga kuruyu musore Désiré? DÉSIRÉ :69496561

24/11/2023

😤😤😤

24/11/2023

🌐⚫🟡 Ku yindi ncuro Poutine yasohotse igihugu yerekeza muri Belarus

Inyuma y'umusi umwe ashikirije ijambo muri G20, Poutine Ubu tuvugana ari Minsk muri Belarus. Yagiye mu nama ya OTS, ishirahamwe ry'ibihugu bihuriye hamwe mu vy'umutekano. Ivyavugiwe muri iyo nama, n'uwo muryango tuzobigarukako.

" Poutine ashatse yogereka akaguru ku kandi kuko buca aronka uwundi muntu amushigikira".

Ayo ni amajambo y'umumenyeshamakuru w'umudagi avuga ukuntu muri Pays-Bas hari amahirwe menshi y'uko umwe mu bahiganwa asanzwe acuditse n'Uburusiya ariwe azotsinda. Mu budagi, hari uwundi mukenyezi bafiseko ubwoba ko umugambwe wiwe izohava uza uratuma ingingo zerekeranye na Ukraine zitihutirwa gutorwa.

Inyuma yo gutakaza Hongrie na Slovaquie hoba hiyongeyeko Pays-Bas kandi yari imaze gutanga ibintu vyinshi. Uwundi muntu yavuze y'uko azogumana ubucuti ni président mushasha wa Argentine. Hari ubwoba bwinshi bw'uko uwo mukuru w'igihugu azoca areka gucudika n'Uburusiya, Brésil n'ibindi bihugu ahanini biri muri BRICS.

Hariko haraba ingwano y'imipaka. Inyuma ya Finlande, Norvège nayo ivuga ko igiye kwugara umupaka ihana n'Uburusiya. Ni mugihe Pologne yo yugaye umupaka bahana na Ukraine. Hari ingwano na yegereyegere kuri uwo mupaka. Umuntu yapfuye. Pologne iri mu bihugu vyahagaritse imfashanyo ya gisirikare muri Ukraine

Umushikiranganji wa mbere wa Hongrie yasavye ibihugu vy'ubumwe bwa buraya guhindura umukenyuro. " Umukenyuro wa mbere wari uwo gufasha Ukraine gusubiza inyuma Uburusiya. Vyaranse. Abana ba UKRAINE birirwa barapfa ku bwinshi. Muze tuvyemere turonderere hamwe umukenyuro wa kabiri.

Hagati aho, ingabo za UKRAINE zirazungurutswe muri Adviidka. Kwihagararako bishobora kunanirana. Ukraine nayo yarateye imbere ku nkombe yo hakurya ya Dniepr

Murakoze, mwiriwe neza

Umwanditsi: Never give up

24/11/2023

🌐⚫🟡 Abanyaburaya baramaze kwemeza uko bazokwikura Zelensky hasigaye kumenya umwanya

Ayo ni amajambo y'inyamakuru co muri Suisse. Kivuga y'uko abantu begereye Zelensky bemeza y'uko intambara batoyitsinda intambamyi ngo isigaye ari Zelensky. Abanyaburaya bo ngo barahejeje gutegura uko bazomwikura ngo igisigaye kumenya ngo ni umwanya.

Zelensky we amenyesha y'uko nibaheba Kiev Poutine azoca atera intambara y'isi yose. Ku rundi ruhande, yemeye ko bagiye kwumviriza umugambi w'amahoro washikirijwe na Trump. Ntibisanzwe Zelensky ibintu vya Trump ntiyahora avyumviriza

🙅‍♂️ Ariko kandi, bisa n'uko ivyo gukorana, gukundana, gupangana urugamba na Zalouziny vyaheze. Zalouziny ubu ashobora kuba akundana n'abarusiya kurusha uko akundana na président Zelensky. Ingingo imukura nayo Zelensky ashobora kuyisohora umwanya n'umwanya.

🔴 Poutine muri G20

Poutine yashikirije ijambo mu nama ya G20. Ni inama itarimwo Joe Biden na Xi Jiping. Poutine yayiherukamwo muri 2021.

➡️ Poutine yiyamirije abantu bavuga ko Uburusiya bwahohoteye Ukraine

🗣️ Iyo muvuga ngo twahohoteye Ukraine ko mutavuga coup d'État yakozwe muri Ukraine muri 2014?

🗣️ Iyo muvuga ko twahohoteye Ukraine ko mutavuga abantu yari imaze imyaka ihohotera?

🗣️ Iyo muvuga ko twahohoteye Ukraine ko mutavuga inzirakarengane ziriko zirapfa muri Gaza. Abana bariko barabagwa batabateye anesthésie ?

🗣️ Uko biri kwose intambara yama ifise ibibi. Twebwe twagumye twiteguriye ibiganiro, Ukraine ni yo yatangaje icese ko ibivuyemwo.

🗣️ Twebwe turaciteguriye ibiganiro

⚫ Hongrie na Slovaquie nta mfasha bazosubira guha Kiev

Umushikiranganji w'imigenderanire wa Slovaquie yavuze ko ata mfashanyo bazosubira guha Kiev. Ngo ubumwe bwa buraya nibutunganye ibiganiro ni yo nzira irashe ngo na kare nico yashingiwe. Ngo ibiriko biraba vyose nibwo buzobibazwa.

Umushikiranganji wa mbere wa Hongrie we yabicishije mu nyandiko. Yandikiye umunyamabanga mukuru w'ubumwe bwa buraya amumenyesha ko ata mfashanyo kandi kuri Ukraine.

24/11/2023

Mwe ntimurabona ko GASAPE abesha?

24/11/2023
Photos from Bruce Breezy music entertainment's post 20/11/2023

Hari ibintu navuze ngaha, mumisi iheze. 👇👇👇👇👇👇👇👇

https://www.facebook.com/100064187340480/posts/738901114926127/?app=fbl

20/11/2023

Nimwaba mwibaza ko Chimamanda Moses atari satani muracari mukibi. Nikuki tumwita satani?
💀Agwanya uwo wese yoba ashaka kumenyekana biciye mw'izina IMANA canke Yesu
💀Arajwe nokwamamaza impuzu n'ibihimba vy'umubiri mukubivuga atashizemwo n'imvugo mbabariramatwi, kuko satani nyene ntaco yibanga.
💀Ahamagarira abantu kwanka imigambi y'abategetsi b'igihugu.
💀Ahamagarira abantu kwitura Abapfumu hakwizera Imana.
💀Iyo habaye ikintu cotuma abantu bagaruka kuMana, nk'amasengesho, ibikorane... Arara adasinziriye ngo abiburizemwo mukuvyanduza, abiha ayandi mazina. Muri ico gihe abadayimoni barababara, bakumva ishavu, nawe Moses ukamusanga ijoro ryose kuri live agerageza gusiguririra abantu ukuntu abapfumu ari beza.

Photos from Bruce Breezy music entertainment's post 20/11/2023

🇺🇦🇷🇺INGWANO YAMAYOBERA MURI UKRAINE
-----------------
Ikinyamakuru The New York Times kirandika ko ubuhinga nkoranyabumenyi ( système électronique) bw'abarusiya butorohereza drones z'igisirikare ca Ukraine. Ubwo buhinga butesha umutwe izo drones, maze zikabura amerekezo, ntizibe zigikora. Umuhinga ( ingénieur) w'umudagi muvya Quantum systems, akaba ari nawe atanga izo drones kuri Ukraine, avuga ko ubuhinga nkoranyabumenyi ( système électronique) bw'abarusiya buburabuza bimwe bikomeye abasoda bakoresha drones mugisoda ca Ukraine mugice c'imigwano.

Abahinga karuhariwe ( les experts) bavuga ko ubwo buhinga bw'abarusiya bukora no kuri missiles zose z'abasoda ba Ukraine, missiles zikorana na GPS. Bati, icitwa radio co ntakazi zigifise, kuko murako karere k'ingwano itumatumanako abarusiya barikoresha ico bashaka. Abari kurugamba bavuga ko iyi ngwano Ubu iriko iratema itongora mugihe atanamakuru agitangwa bivuye kuri izo système z'abarusiya zikoresha ivyo bita ondes électromagnétiques zirungika ibimenyetso ( signaux) bitesha umutwe itumatumanaho, drones hamwe n'abasirikare ba Ukraine.

19/11/2023

🇺🇦🇫🇲"NTIBATAHURA IVYO BARIMWO"

Umusoda wa Ukraine ati, abakorebushake ( mercenaires) bari muri Ukraine ntibatahura ivyo barimwo.

💬" kubanyamahanga, ni iyindi nkuru, kuko bo badashobora no guheba amasezerano basinyiraniye na Ukraine nkuko abanya-ukraine bo babigira vyoroshe. Vyaranshikiye: igice cacu twarabibonye, twarabibayemwo, oya oya birarenze. Si ingwano namba turimwo. Abantu benshi bibaza ko iyi ngwano turimwo muri Ukraine ari ukurasana n'umwansi( uburusiya) , ariko ntibazi ibikoho bibarizwaho, tuguma musi y'umuriro umusi wose, imisi yose, kandi ntiwigera ubona uwo mugwana, ntiwigera umenya ngo umwansi ari harya kuko dushobora kugwana nabo bibereye mubirometero vyinshi batubona tutababona. " Vyanditswe n'uwabiyagiwe kuri CNN.

Amakuru avuga ko muba mercenaires benshi bataye barigira, barata urugamba babivamwo, ivyo bikemezwa n'ibimenyeshamakuru vyabarengero ( les occidentaux) . Birakwiye ko igisirikare ca Ukraine congera kikagira inguvu muvyo gutanga amakuru kugira gitange morale kungabo. Igihe isirayeli itanguriye gihigana na Hamas, igice c'abakorerabushake ( mercenaires) bagiye kugwanya Hamas, ikindi gice carishwe.

Rero bashasha bagishika muri Ukraine, basanga kurasana n'Uburusiya ari ikintu kitanakunda, ukoresha imbunda utwara muntoke. Benshi rero bariko basesa amasezerano( contrat) .
@followersa@à la uneシ゚

19/11/2023

Gusenga

Kuki dusenga ? Kuki umuntu bishika agakora ibintu nkibi kugira yumve atekanye?

Bon DIMANCHE à toutes et tous, spécialement aux congolaises et congolais

19/11/2023

Ntakindi abona atari amabere mw'isengero, abanwa inzoga,...abaporoti!!!!
SATANI avuka mu Burundi

Chimamanda Moses

19/11/2023

BON DIMANCHE
Naho bari mubibazo bikomeye ntibibaca intege

18/11/2023

Mon Amour

Hit y'imyaka yose! Ripp ( test in paradise and peace)

Photos from Bruce Breezy music entertainment's post 18/11/2023

Umugwi w'ibihugu vya Buraya bihejeje kugurura icese inyubakwa zine, muri Jardin public i Bujumbura. Izo nzu nizo nyene mubona. Ntaninguvu numva mfis zo kubandanya ndabivuga😂😂😂 genda muzirabire, ni udu paillotes tumwe two mukabare, twubatswe n'ibihugu bishika bine vyo muri Europe hasi.

18/11/2023

KUKI MUTUBAKA UBUNYWERO NK'UBU?

18/11/2023

Nico gituma ntinya siporo, akarizo piiiiiii😂😂😂😂😂😂

Naho yaratwaye umudali, yaraturikishije ararira yumvise abarorerezi bariko bavuga ngo akarizo piiiii😂😂😂

18/11/2023

Imbere y'uko uno mwaka uhera, hari umusani akomeye muburundi azopfa.

My Boy by Rachly Nish 17/11/2023

https://youtu.be/nNWAIYtidKA

Rachly Nish.

My Boy by Rachly Nish My Boy by Rachly NishAudio _producteur:Emmi Pro (Buja records)Vidéo _Director :Aima BlueKing Vidéo :Youzza LopezMake UP :Queen Make [email protected]

17/11/2023

Dvoice
Dvoice ginnii Wcb
Dvoice Ginni.

17/11/2023

Ngo Agaki? Agacube mukirundi?? Canke ni aga Cube mugifaransa?😂😂😂😂

17/11/2023

Promoter de la Capitale ngo Olegue bamugize gute? Ntumbwire ko yahuye n'umwami w'ibirere😂😂😂😂😂😂😂 Nico gituma yazimye, baramusabije

17/11/2023

IBARA RYARAGUYE KWA B-face On The'flo


@à la une
Monia Fleur
Chimamanda Moses
NSORO TV
Norasque Ntare VI
NSORO

14/11/2023

NZOGUHA INYISHU

Ako kantu nahora ndakanka😟😂

14/11/2023

Félix Tshisekedi : « Le salaire moyen d'un enseignant est passé de 159 milles à 408 milles francs congolais »

Le 14/12/2023

Photos from Bruce Breezy music entertainment's post 11/11/2023

STORM GAIN: Narababwiye ko nemera ivyo niboneye nka Thomas, burya nashikanye 26$ nti reka ngerageze ndabeko ayo 16$ avako, nca ndagira retrait, yarakunze nukuri. Preuves n' izo mubona kuri izo photos. Naho bakase menshi ariko ayasigaye yaraje. Ngira nkinishe kandi cumi yabo.

Ukaba wipfuza gukora Storm gain yikore vraiment ni bon.

https://app.stormgain.com/friend/BNS179168613 link

Ngiyo. Ukavyuzuza neza, baguha 3$ utangurirako mining. Jew ntanyungu ndabitegako, ni juste kubabwira ivyunguka utarinze gushiramwo imitahe. WhatsApp group y' abashaka kugira trading, ni iyi , ni nshasha iyi group ni ukugira ndonse akanya nzoze ndafasha aboba bipfuza kuyikora. Peace!!

https://chat.whatsapp.com/FRgY06VOD6U3sYJJ1G8IEZ

11/11/2023

Muri Ville , kw'isoko nkuru ya Bujumbura mu 1922

11/11/2023

MU BWIZA KURYAMBERE MU 1959

10/11/2023

INSIGURO ZAWE ZIRUMVIKANA BWANA B-face On The'flo

Kandi na original twarayumvise. Za murabwira abo bana bavyimvya imitwwe ko ari ariko ari

Want your public figure to be the top-listed Public Figure in Suwadi al Batha'?
Click here to claim your Sponsored Listing.

Videos (show all)

GusengaKuki dusenga ? Kuki umuntu bishika agakora ibintu nkibi kugira yumve atekanye? Bon DIMANCHE à toutes et tous, spé...
BON DIMANCHENaho bari mubibazo bikomeye ntibibaca intege
Mon Amour Hit y'imyaka yose! Ripp ( test in paradise and peace)
ATI, NITWE KIBAZO CO MUKARERE, ATI NONE NK'UBU TUTUMVIKANYE, MUBONA TUZOHUNGIRA MUBURUNDI BATWEMÉRE?James kabarebe, uwah...
Wazalendo bana anguka ku munition yenye M23 iliacha Wakati ilikuwa ina fwiyeeee😁😁😁😁😁😁😁😁 Iki giswahili nizere KO abakongo...
IYI NI INGWANO YABEREYE MUTURERE LIBAN IPFA NA ISRAËL, UTWO TURERE TUKABA TUBAMWO ABANYISURAYELI MUBUMANUKO BWA LIBAN. H...
❗A ces heures-là, des centaines de Jordaniens, agités par l'appel du Hamas à un pogrom contre les Juifs, se sont précipi...

Category

Telephone

Address


207
Suwadi Al Batha'
Other Suwadi al Batha' public figures (show all)
Iye oluse comedy Iye oluse comedy
Suwadi Al Batha'

For entertainment ���

Pagal Pathan Pagal Pathan
Saudi Arabia
Suwadi Al Batha'